Uko wahagera

Uganda: Umuhungu wa perezida Museveni Yahawe ikidali


 Muhoozi Kainerugaba, umuhungu wa perezida wa Uganda, Yoweri Museveni,yahawe ikidali inyuma yuko yadugijwe ipete, akaba Jenerali Major
Muhoozi Kainerugaba, umuhungu wa perezida wa Uganda, Yoweri Museveni,yahawe ikidali inyuma yuko yadugijwe ipete, akaba Jenerali Major

Umusirikare mukuru ayoboye inteko zidasanzwe z’igihugu ca Uganda, Brigadiye Muhoozi Kainerugaba, yahawe icese ikidali inyuma yuko adugijwe ipete ry’igisirikare mu kugirwai Jenerali Major, mu birori ku cicaro c’ubushikiranganji bujejwe kwivuna abansi, ku murwa mukuru, Kampala, uno musi ku wa gatatu.

Inteko zidasanzwe zijejwe gukingira perezida, hamwe n’igisata c’ibitoro hamwe n’izindi nzego.

Kainerugaba, umuhungu mukuru wa perezida Museveni, yadugijwe ipete hamwe n’abandi basirikare b’intwazangabo batari bake.

Iduzwa ryiwe vyiyamirijwe ku mbuga ngurukanabumenyi muri Uganda. Abanebagura iduzwa ryiwe bavuga ko biri mu mugambi wa perezida Museveni, w’ukumutegura kugira amusubirire.

Reta ya Uganda irahakana ko umugambi nkuwo uhari.

Mu kiganiro n’Ijwi rya Ameriika, umuvugizi w’inteko zidasanzwe, Major Chris Magezi, avuga ko ivyo vyagirizo bitagira ishingiro.

XS
SM
MD
LG