Uko wahagera

DRC: Abatavuga rumwe na Reta mu Myiyerekano ku wa Kane


Perezida wa Republika iharanikra demokarasi nya Congo, Joseph Kabila
Perezida wa Republika iharanikra demokarasi nya Congo, Joseph Kabila

Muri Republika iharanira demokrasi ya Congo, abatavuga rumwe na Reta batangaza ko bazogira, ejo ku musi wa kane, imyiyerekano y’ukwiyamiriza perezida Joseph Kabila.

Abatavuga rumwe na Reta bagiriza Kabil,a ko ariko ageregeza gutebesha amatora kugira ashobore guhindura ibwirizwa shingiro, mu vyotuma yitoza mu kiringo kigira gatatu.

Sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizawa shingiro yafashe ingingo yuko perezida Kabila, ashobora kuguma ku butegetsi, hamwe amatora yo mu kwezi kw’icumi na rimwe, yosibishwa, nkuko benshi bibaza ko ariko ibintu bizogenda.

Ikiringo ca perezida Kabila, mu bisanzwe kizorangira kw’italiki cumi n’icenda z’ukwezi kw’icumi na kabiri.

Abatavuga rumwe na Reta batangaje ko bazogirisha imyiyerekano, mu gihugu cose, y’ukwiyamiriza abariko bacira icobo demokarasi.

Martin Fayulu, yabwiye Ijwi rya Amerika ko sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa shingiro ari igikoresho ca perezida Kabila. Amenyesha ko bashaka kwereka iyo sentare ko batemera ingingo yafashe.

Reta yaranse kurekurira imyiyerekano, y’ejo ku musi wa kane, mu bisagara bitari bike vyo mu gihugu.

XS
SM
MD
LG