Uko wahagera

Umunyetiyopiya Tedros Adhanom Yoba Agiye Kuyobora OMS


Tdros Adhanom
Tdros Adhanom

Igisata c’ishirahamwe mpuzamakuntu ONU cita ku magara y’abantu OMS kiriko kirondera umutegetsi azokiramutswa mu mwaka uza.

Uwuriko ahiganirwa uwo mwanya kandi akaba ariwe mu kandida wenyene, n’uwahoze ari umushikiranganji w’imigenderanire n’amakungu akaba yaranarongoye ubushikiranganji bw’amagara y’abantu muri Etiyopiya, Tedros Adhanom.

Kuva OMS ishingwa, haraheze imyaka 70, nta muyobozi yari bwayitware ava muri Afrika.

Tedros Adhanom amenyesha ko afise ivyizigiro vyo kuzogira ico ahinduye mu mikorere ya OMS.

Tedros yiganiye ijwi ry’Amerika ko aravye ubuzobere afise muvya kidipolomasiya n’ubumenyi mu kazi azobasha kurangura ayo mabanga kandi ko azoshobora gutorera umuti ibibazo vy’amagara y’abantu bihanze isi.

Uwo munyafirika asanzwe ari umushakashatsi ku ngwara ya malariya kandi akaba yararongoye n’ikigega mpuzamakungu kijejwe kugwanya ingwara za Sida, Igituntu hamwe na Malariya.

XS
SM
MD
LG