Uko wahagera

Amerika Iratewe Intege n’Imibonano Yabaye Hagati y’Abarundi


Mark Toner, icegera c'umuvugizi wa Deparetema ya Reta ya Amerika
Mark Toner, icegera c'umuvugizi wa Deparetema ya Reta ya Amerika

Leta zunze ubumwe z’Amerika itangaza ko itewe intege n’imibonano yarangiye kuwa kabiri I Arusha muri Tanzaniya hagati y’aberwa n’ibibazo vy’Uburundi.

Imenyesha ko ari intambwe ishimishije izoshikana ku biganiro bizoshikana Uburundi mu mahoro arama.

Mw’itangazo yasohoye kuwa kabiri, Amerika irashima uburongozi bw’uwahoze ari umukuru w’igihugu ca Tanzaniya, Benjamin Mkapa mu gufasha mur’iyo mibonano.

Ishimishwa nuko abitavye iyo mibonano bose babonye ko ari nkenerwa ko vyihuta ko ayandi mataliki y’ibindi biganiro yotangazwa vuba.

Amerika itangaza ko ari nkenerwa ko imigwi yose yotumirwa mubiganiro, yaba imigambwe mishasha n’iya kera hatibagiwe n’abaserukira amashirahamwe ya Sosiyete sivile.

Kugira habe icuka ciza mu biganiro, Amerika isaba impande zose guhagarika ubwicanyi bwose kandi isaba reta y’Uburundi guhagarika gutoteza abantu no gufunga abantu ibahoye ivyiyumviro vyabo vya politike.

Amerika irangiza imenyesha ko yiteguye gushigikira uyu mugambi w’amahoro, kandi ko itazoreka gufatira ibihano abo bose bizogaragara ko bahungabanya agateka ka muntu.

XS
SM
MD
LG