Uko wahagera

Kenya: Ibintu Bitegerezwa Guhinduka muri Komisiyo y'Amatora


Raila Oringa, ayoboye urunani rw'imigambwe itavuga rumwe na Reta, CORD
Raila Oringa, ayoboye urunani rw'imigambwe itavuga rumwe na Reta, CORD

Igipolisi mu gisagara ca Nairobi mu gihugu ca Kenya, cakoresheje imyuka ibabaza mu maso, n’imiringoti y’amazi, mu gikorwa c’ukubuza abantu gukorana kugira biyamirize komisiyo y’amatora, izwi kw’izina rya IEBC.

Imyiyerekano yarabandanije, mu bindi bisagaca bitari bike vyo mu gihugu ca Kenya. Abantu batatu barapfuye mu buryo budasobanutse, mu gisagara ca Kisumu kiri mu burengero bw’igihugu, no mu micungararo yaco.

Raila Odinga, yahoze ari umushikiranganji wa mbere w’igihugu ca Kenya, muri iki gihe akaba ayoboye urunani rw’imigambwe itavuga rumwe na Reta, CORD, yatangaje kw’umugambwe uri ku butegetsi, ata yindi nzira ufise atari ukuganira ibisabwa n’abatavuga rumwe na Reta, vyuko ibintu bihindurwa muri Komisiyo y’amatora.

Odinga, yaragendeye studiyo y’Ijwi rya Amerika i Nairobi, ku murwa mukuru wa Kenya, ejo ku musi wa kabiri, inyuma yuko abantu babiri bishwe mu gisagara ca Kisumu.

Yatangaje ko hariho uburyo bw’ugutorera inyishu abari mu myiyerekano, biciye mu mahoro, ah’ugukoresha igikenye.

Urunani rw’imigambwe iyobowe na Odinga, CORD, rwateguye imyiyerekano ijejwe gusaba kw’ibintu bihindurwa, muri Konisiyo y’amatora, abatavuga rumwe na Reta bavugako ihengamiye ku ruhande rw’umugambwe uri ku butegetsi.

XS
SM
MD
LG