Uko wahagera

Burundi: Mkapa Azohura n'Abatitavye Ibiganiro


Intumwa idasanzwe ya Reta Zunze Ubumwe za Amerika mu karere k'ibiyaga binini,Tom Perriello
Intumwa idasanzwe ya Reta Zunze Ubumwe za Amerika mu karere k'ibiyaga binini,Tom Perriello

Intumwa idasanzwe ya Reta Zunze Ubumwe za Amerika mu karere k’ibiyaga binini, Thomas Perriello, avuga ko ibiganiro bigenewe guhagarika uruhagarara rwa politike mu Burundi yari intambwe nziza.

Perriello, yavuganye, uno wa kabiri, n’ijwi rya Amerika, Service y’Ikirundi n’Ikinyarwanda, ari mu gisagara ca Arusha, mu gihugu ca Tanzaniya, mu gihe ibiganiro vyamaze imisi ine vyari birangiye.

Benjamin Mkapa, yahoze ari perezida w’igihugu ca Tanzaniya, umwunganirizi mu biganiro bigenewe guhagarika uruhagarara n’ubwicanyi, vyatanguye igihe perezida w’Uburundi, Petero Nkurunziza, yitoza mu kiringo kigira gatatu caranzwe n’amatati mu mwaka uheze.

Nta ntambwe ibiganiro vy’imbere yaho, vyayobowe na perezida w’igihugu ca Uganda, Yoweri Museveni, vyagize.

Intumwa idasanzwe ya Reta Zunze Ubumwe za Amerika mu karere k’ibiyaga binini, Perriello, avuga kw’ibiganiro vyo muri iyi ndwi, vyari ngirakamaro. Yarahayagije ubuhinga bwa Mkapa, mu vyerekeye ibiganiro.

Perriello, avuga ko umuntu aravye ukugene ibibazo vy’Uburundi vyifashe, ngw’uruhara rw’umwunganirizi rwabaye ngirakamaro.

Perriello yongeye kandi ahayagiza Mkapa kuba yatumye abaserukira Reta y’Uburundii n’abaserukira abatavuga rumwe na Reta, bahuye bakicara hamwe, naho imirwi myishi itavuga rumwe na Reta, harimwo inama y’igihugu iharanira iyubahirizwa ry’ibwirizwa shingiro, amasezerano y’I Arusha, n’itwaro igendera kuri demokrasi, mu mpfunyapfunyo, CNARED, igizwe n’abanyepolitike bahunze igihugu, n’abahoze ari abategetsi ba Reta, batari mu biganiro.

Umuyobozi wa CNARED, Jean Minani, ari mu batari mu biganiro vy’i Arusha.

Avuga ko atari yatumiwe.

Muvyo yatangaje mu kurangiza ibiganiro, uno musi ku wa kabiri, umwunganirizi mu biganiro, Benjamin Mkapa yemeye guhura n’abataje mu biganiro. Yatangaje ko mu kiringo c’indwi zibiri zimirije, azobandanya, kandi azoheraheza imibonano n’abataje mu biganiro vy’i Arusha.

Incuro ikwirikira y’ibiganiro itegekanijwe, mu ndwi ya gatatu y’ukwezi kwa gatandatu.

please wait

No media source currently available

0:00 0:02:52 0:00

XS
SM
MD
LG