Uko wahagera

Ubugiriki: Igikorwa c'Ukwimura Impunzi Catanguye


Impunzi ku rubibe hagati y'Ubugiriki na Mcedoniya, hafi y'imihana y'ahitwa Idomeni
Impunzi ku rubibe hagati y'Ubugiriki na Mcedoniya, hafi y'imihana y'ahitwa Idomeni

Abategetsi b’igihugu c’Ubugiriki, batanguye gukura impunzi mw’ikambi y’ahitwa Idomeni, mu bucagucagu bw’uno musi ku wa kabiri.

Abapolisi bagera ku majana ane barongitswe muri iyo kambi irimwo abantu bagera ku bihumbi umunani n’amajana ane.

Abategetsi b’Ubugiriki barahumurije, ko ata nguvu zizokoreshwa mu gukura impunzi mw’ikambi yo mu karere ka Idomeni.

Umuvugizi w’ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho abimukira, Christine Nikolaidou, avuga ko gushika ubu ico gikorwa kiriko kigenda neza.

Yamara amenyesha kw’ari ivy’ukuri kw’igitigiri kinini c’abaplisi carungitswe, mu micungararo y’ikamni ya Idomeni, kugira bitegurire ibibazo bishcobora kuba.

Ikambi y’impunzi ya Idomeni, iri ku rubibe hagati y’ibihugu vy’Ubugiriki na Macedoniya. Yakiye gushika ku bantu bibihumbi cumi na bibiri, igihe igihugu ca Macedoniya gugara imbibe zaco mu kwezi kwa gatatu.

Kuva ico gihe, igitigiri c’impunzi zitagira aho ziba cariyongeye. Ivyo vyatumye abategetsi basaba impunzi zo mu gice ca Idomeni kwimukira, mu makambi yategekanijwe.

XS
SM
MD
LG