Uko wahagera

Vietnam: Perezida Obama Yasuye Hanoi


Perezida wa Amerika, Barack Obama ariko ashikiriza ijambo mu ngoro y'amakoraniro, mu gisagara ca Hanoi, mu gihugu ca Vietnam, ku musi wa mbere, italiki 24, ukwezi kwa gatanu, umwaka w'i 2016
Perezida wa Amerika, Barack Obama ariko ashikiriza ijambo mu ngoro y'amakoraniro, mu gisagara ca Hanoi, mu gihugu ca Vietnam, ku musi wa mbere, italiki 24, ukwezi kwa gatanu, umwaka w'i 2016

Perezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Barack Obama, mw’ijambo yashikirije, mu rugendo mu gihugu ca Vietnam , yabwiye Abanya Vietnam ko berekeza mu nzira imwe n’Abanyamerika.

Perezida Obama, yamenyesheje ko urugendo rwiwe ruzotuma imigenderanire hagati ya Amerika na Vietnam itera ikorema kurushiriza, mu myaka iri imbere.

Yamara abitegereza ibintu batangaza ko ugukomera kw’imigenderanire hagati y’ivyo bihugu bibiri, bizoba ku wuzosubirira perezida Obama, mu mabanya ya perezida, mu kwezi kwa mbere kw’umwaka uza.

Mu bumvirije ijambo perezida, Obama, yashikirije, uno musi ku wa kabiri, mu ngoro y’amakoraniro yo gisagara ca Hanoi, harimwo abantu barenga ibihumbi bibiri, harimwo abategetsi ba Reta ya Vietnam.

Mw’ijambo ryiwe, perezida Obama, yavuze ku kibazo kitoroshe cerekeye agateka ka muntu. Perezida w'Amerika yatangaje ko uburengenzira bw’ugushikiriza iyiyumviro, uburenganzira bw’itangazamakuru, hamwe n’uburenganzira bw’ukugira amakoraniro, biri mw’ibwirizwa shingiro.

Yongeye kandi avuga ku vyerekeye kurekurira abahiganwa, batava mu mugambwe wa Gikomunista, uri ku butegetsi kugira uruhara, mu bikorwa vya politike.

XS
SM
MD
LG