Uko wahagera

Perezida Obama muri Viyetinamu


Perezida Obama mu bubamfu, na aperezida wa Viyetinamu Tran Dai Quang

Perezida Obama mu bubamfu, na aperezida wa Viyetinamu Tran Dai Quang

Perezida Barack Obama wa Leta zunze ubumwe z’Amerika ari mu rugendo rw’imisi itatu mu gihugu ca Viyetinamu.

Mur’urwo rugendo, umushingantahe Obama agamije gukomeza imigandaranire muvy’ubutunzi n’ico gihugu.

Obama ategekanya kugiranira ibiganiro vyo ku rwego rwo hejuru n’abategetsi ba Viyetinamu kur’uyu wa mbere.

Yiteze ko urwo rugendo agize mu bihugu vya Viyetinamu n’Ubuyapani ruzotuma Amerika ciyegereza cane ibihugu vyo mu karere ka Aziya na Pacifike bisanzwe biterwa ubwoba n’Ubushinwa.

XS
SM
MD
LG