Uko wahagera

Misiri: Ibisigarira vy”Indege Yakorotse Vyabonetse


Incuti z'abantu bari mu ndege yagize isanganya
Incuti z'abantu bari mu ndege yagize isanganya

Abantu bariko bararondera ibisigarira vy’indege yo mu gihugu ca Misiri inomero 804, yakorotse. Baramaze gutora imivyimba y’abantu hamwe n’ibintu vyabo, yamara baracarondera igihimba kinini c’iyo ndege.

Mu twigoro two kumenya ikintu coba caratumye iyo ndege yar’itwaye abantu 66 ikorokera mu ruzi Mediterane, abahinga bariko bararondera ibihimba binini vy’iyo ndege hamwe n’icuma cayo gifata amajwi.

Ku musi wa gatanu, abategetsi bo mu gihugu ca Misiri, baratangaje ko bariko baratohoza amakuru avuga kw’iyo ndege yabonetsemwo umwotsi, imbere y’uko ikoroka, ivyo navyo bikavuga ko hashobora kuba harabaye umucanwa mur’iyo ndege.

Umushikirangaji w’igihugu ca Misiri ajejwe ikirekire n’indege, Sherif Fathy yaratangaje kw’ibitero vy’iterabwoba, arivyo bishobora kuba vyatumye iyo ndege ikoroka.Yamara gushika ubu, nta kintu na kimwe kigaragaza icatumye iyo ndege ikoroka.

Gushika ubu kandi nta murwi n’umwe w’iterabwoba uratangaza kw’ariwo wakoze ico gitero.

XS
SM
MD
LG