Uko wahagera

Washington: Imihanda Yuguruwe Hafi ya Perezidansi


Ingoro ya perezida wa Amerika Maison Blanche

Ingoro ya perezida wa Amerika Maison Blanche

Ingingo y’ukwugara amayira yose yegereye ingoro ya perezida wa Reta zunze ubumwe za Amerika, Maison Blanche, yakuweho.

Ivyo inyuma yuko abajejwe gukingira perezida, bahagaritse umuntu yikekwa ko yatunze ikirwanisho, kuri rumwe mu rwinjiriro rucunzwe.

Isaha imwe inyuma yuko ivyo bitangajwe, abajejwe guncugera ubuzima bwa perezida bashize ubutumwa ku rubuga ngurukanabumenyi, buvuga ko umutekano w’abajejwe gucungwaari wose.

Abategetsi bajejwe ivyerekeye umutekano batangaje kw’uwo muntu yahagaritswe, uno musi ku wa gatanu, inyuma yuko atunze ikirwanisho, ku rumwe mu rwinjiriro rucungewe, rukikuje ingoro ya Perezida, Maison Blanche, i Washington DC.

Ibiro vya perezida vyafashe ingingo zerekeye umutekano, birazibira amayira yose yo hafi yaho mu gihe gitoyi.

Uwo muntu yikekwa avurwako ari umugabo, yarashwe, atabwa mu mvuto, aho ivyerekeye uko amerewe bitazwi.

XS
SM
MD
LG