Uko wahagera

El Chapo Ashobora Kurungikwa muri Amerika


Joaquin 'El Chapo' Guzman
Joaquin 'El Chapo' Guzman

Igihugu ca Mexique, cameje ingingo y’ukurungika muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Joaquin Guzman, umwe mu bantu bakomeye cane bagurisha ibiyayura umutwe muri Mexique.

Reta y’igihugu ca Mexique, yasohoye itangazo uno musi ku wa gatanu, rivuga ko Joaquin Guzman, azwi kandi kw’izina rya El Chapo, ashobora kuzorungikwa muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika kugira acirwe urubanza.

Aronderwa muri Reta ya Texas, ku vyaha vy’ugucuruza ibiyayura umutwe, n’ubwicanyi.

Ibiro bijejwe imigenderanire mu gihugu ca Mexique vyatangaje ko El Chapo, ashobora kuzorungikwa muri Amerika, inyuma myuko abategetsi b’ico gihugu batanze ibihumuriza ko atazocirwa igihano c’ugupfa.

Ababuranira Joaquin Guzman, bariko bagerageza uburyo butandukanye bw’ukurwanya ingingo y’ukumurungika muri Amerika.

XS
SM
MD
LG