Uko wahagera

Qatar Irahakana Ruswa mu Gikombe c'Isi


Umunyamabanga mukuru w’umurwi ujejwe gutegura igikombe c’isi c’umupira w’amaguru co mu mwaka w’i 2022, Hassan Al-Thawadi
Umunyamabanga mukuru w’umurwi ujejwe gutegura igikombe c’isi c’umupira w’amaguru co mu mwaka w’i 2022, Hassan Al-Thawadi

Umuyobozi w’umurwi ujejwe gutegura igikombe c’isi c’umupira w’amaguru co mu mwaka w’i 2022, yatangaje ko ata manyanga yabaye mu ngingo y’igihugu ciwe y’ugusaba kwakira ico gikombe.

Ivyo naho hari ruswa ikomeye yaranze ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe umupira w’amaguru FIFA, igihe ibihugu vyahiganirwa kwakira igikombe c’isi yose c’umupira w’amaguru, co mu mwaka w’i 2010.

Qatar, iriko ikoresha imiliyaridi 10 z’amadolari, ku bibuga vy’umupira w’amaguru bishasha n’imiliyaridi 200 y’amadolari, ku vyerekeye amabarabara, uburaro n’ibindi bikorwa bizokworohereza igikombe c’isi yose, co mu mwaka w’i 2022.

Nico gikombe c’isi c’umupira w’amaguru kizoba gikoresheje amafranga menshi cane, mu mateka y’iryo higanwa.

Mw’ijambo yashikirije i Londres, mu Bwongereza, ku musi wa kane, umunyamabanga mukuru w’umurwi ujejwe gutegura igikombe c’isi c’umupira w’amaguru co mu mwaka w’i 2022, Hassan Al-Thawadi, yatangaje kw’ayo mafranga bazokoresha, mu gutegura igikombe c’isi yose co mu mwaka w’i 2022, azoba abikwirikiye.

Amarorerwa ya ruswa yaratosekaje ishirahamwe mpuzamakungu, rijejwe umupira w’amaguru, FIFA.

Ivyo vyatumye abategetsi batari bake b’iryo shirahamwe bahisemwo Qatar kwakira igikombe c’isi yose c’umupira w’amaguru co mu mwaka w’i 2022, batanga imihoho, abandi bakwirikiranwa

XS
SM
MD
LG