Uko wahagera

Nigeriya: Umwigeme Agira Kabiri Yatabawe


Serah Luka, umunyeshule w’umwigeme agira kabiri, yanyurujwe n’abarwanyi b’umurwi Boko Haram, yatabawe.
Serah Luka, umunyeshule w’umwigeme agira kabiri, yanyurujwe n’abarwanyi b’umurwi Boko Haram, yatabawe.

Igisirikare c’igihugu ca Nigeriya catangaje ko umunyeshule w’umwigeme agira kabiri, yanyurujwe n’abarwanyi b’umurwi Boko Haram, haraheze ikiringo kirenga imyaka ibir,i mu gitero kw’ishule ryo mu gisagara ca Chibok, yatabawe.

Umuvugizi w’igisirikare ca Nigeria, Koloneli Sani Usman, avuga kw’izina ryiwe ni Serah Luka. Atangaza ko aturuka mu gisagara ca Madagali, muri Reta ya Adamawa.

Igisirikare casohoye isamamu yiwe. N’umwigeme agira kabiri atabawe mu bigeme 219 banyurujwe, bagirwa imbohe kuva mu mwaka w’i 2014.

Ku musi wa kabiri, umwigeme wa mbere, Amina Ali, yatowe afise uruyoya rw’amezi ane mw’ishamba rya Sambisa, muri Reta ya Borno. Muri iki gihe ariko arabazwa ibibazo n’abategetsi b’igisirikare ca Nigeriya.

Amina Ali, na nyina wiwe barabonanye na perezida wa Nigeriya, Muhammadu Buhari, ku musi wa kane, mu ngoro yiwe mu gisagara ca Abuja, aho yatangaje ko Reta iriko ikora ibishoboka vyose, kugira itabare abigeme bakiri mu minwe y’umurwi, Boko Haram.

Perezida Buhari, avuga ako itabarwa rya Amina Ali, ritanga umwizero mushasha, kandi titanga akaryo k’ukuronka amakuru afise akamaro gakomeye cane.

XS
SM
MD
LG