Uko wahagera

Ibisigarira vy'Indege y'igihugu ca Misiri Vyatowe


Abategtsi b’igihugu ca Misiri bavuga ko batoye ibisigarira vy’indege itwara abantu, EgyptAir, mw’ibahari Mediterani.

Ivyo abantu bari muuri iyo ndege bari bafise n’ibizigarira vy’iyo ndege vyatowe biriko biraremba mu mazi.

I Athenes, ku murwa mukuru w’Ubugiriki, abategetsi bavuga ko igihimba c’umubiri c’umwe mu bari muri iyo ndege, intebe yo mu ndege n’amavalisi, vyatowe n’abategetsi b’igihugu ca Misiri, hafi yaho mu bumanuko bw’aho iyo ndege yazimanganiye kuri radar.

Imirwi y’abajejwe kurondera ibisigarira n’abari mu ndege, y’ishirahamwe EgyptAir, babandanije igikorwa cabo c’ukurondera ibisigarira vyayo mw’ibahari Mediterane.

Indege itwara abantu y’ishirahamwe, EgyptAir, yari itwaye abantu 66, igihe yazimangana kuri radar, ku nkengera z’igihugu ca Misiri, isambukira mw’ibahari Mediterani, ku musi wa kane.

Iyo ndege yari ivuye i Paris mu Bufaransa, igiye ku murwa mukuru wa Misiri, Cairo.

Impamvu y’impanuka y’iyo ndege ntiramenyekana.

XS
SM
MD
LG