Uko wahagera

Afganistani: Abashika 11 Barishwe na Bombe


Mu gihugu ca Afganistani, abantu 11 b’abasivile hamwe n’umukomanda w’ingabo barishwe bahitanywe n’igisasu catezwe mw’ibarabara.

Iryo bara ryabaye kuwa kane igihe imodoka yarimwo abo bantu yaca ku gisasu gitezwe mw’ibarabara nkuko bimenyeshwa n’umukuru w’intara ya Baghlan iri mu buraruko bw’ico gihugu.

Umuvigizi w’aba Talibani yatangaje ko aribo bateze iyo bombe.
Ayandi makuru ava mu butegetsi amenyesha ko ku musi wa kane, abapolisi umunani ba Afganistani bishwe barashwe na mugenzi wabo mu ntara ya Zabul iri mu bumanuko bw’ico gihugu.

Mu ntango z’uku kwezi, abasirikare babiri bo mu nteko za NATO bamuka mu gihugu ca Romaniya, barishwe barashwe mu ntara ya Kandahar n’abarwanyi b’aba Talibani.

XS
SM
MD
LG