Uko wahagera

ONU Yahayagije Ubutwari Bwa Mbaye Diagne


Mu mwaka w’ 1994, Kapiteni Diagne yari umusirikare w’intwazangabo akiri muto yari mu nteko zari zijejwe gucungera umutekano mu Rwanda
Mu mwaka w’ 1994, Kapiteni Diagne yari umusirikare w’intwazangabo akiri muto yari mu nteko zari zijejwe gucungera umutekano mu Rwanda

Ishirahamwe mpuzamakungu, O-N-U, ryarahayagije ubutwari ntangere bwa Kapiteni, Mbaye Diagne, yari mu nteko zijejwe gucungurera umutekano mu Rwanda, yishwe ariko akingira abasivile amajana n’amajana mu gihe c’ihonyabwoko ryo mu Rwanda mu mwaka w’i 1994.

Ico cubahiro cari kirindiwe haheze igihe, cahawe umupfakazi n’abana babiri ba Kapiteni Mbaye Diagne yava mu gihugu ca Senegal.

Mu mwaka w’ 1994, Kapiteni Diagne yari umusirikare w’intwazangabo akiri muto yari mu nteko zari zijejwe gucungera umutekano mu Rwanda, UNAMIR. Diagne yakijije abantu amajana n’amajana, mbere n’abana, abapfasoni n’abagabo bashobora gushika ku gihumbi.

Ivyo yabigira mu gihe yashobora kuhasiga ubuzima.

Ntiyigeze apfunga amaso canke ngo azibire amatwi. Ivyo vyatangajwe n’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe O-N-U, Ban Ki-moon, igihe yariko aha ikidali mu birori ku cicaro c’ishirahamwe O-N-U, mu gihe amasanamu ya Diagne ariko aramwenyura yariko yerekanwa.

Ban Ki-moon avuga ko Mbaye Diagne yari afise ubutwari budasanzwe.

Diagne, yishwe na mortier mu kwezi kwa gatanu mu mwaka w’I 1994, igihe yari ku cicaro c’inteko zijejwe gucungera umutekano, UNAMIR, indwi nkeyi imbere yuko akazi yari ajejwe kari kagiye kurangira.

XS
SM
MD
LG