Uko wahagera

Afrika y'Epfo: Abantu Boba Bararengera Ibara ry'Urukoba


Julius Malema, Umunywanyi w’umugambwe, Economic Freedom Fighters
Julius Malema, Umunywanyi w’umugambwe, Economic Freedom Fighters

Umuntu aravye gusa imbuga ngurukanabumenyi, yokwiyumvira kw’urugamba rw’ubwoko rwasubiye kwaduka gushasha, mu gihugu ca Afrika y’Epfo.

Ibintu bidashemeye bifatiye ku bwoko, biherutse kuba mu mezi ya vuba, muri Afrika y’Epfo, vyarakwirikiranywe cane muri ico gihugu. Ivyo inyuma y’ikiringo kirenga imyaka mirongo ibiri intwaro y’amacakubiri ya Apartheid irangiye.

Ibisa nuko uko indwi itashe, ayandi marorerwa afatiye ku bwoko aseruka mu binyamakuru, amaradiyo na televiziyo vy’igihugu.

Umuntu afatiye ku biherutse gutangazwa n’umucamanza w’umuzungukazi, yavuze ko abirabure muri Afrika y’epfo, bashigikiye gufata abapfasoni n’abigeme ku nguvu, canke umwirabure aharanira agateka ka muntu, yabwiye umuzungukazi akora mu buriro, ko yomuha agashimwe k’amafaranga asubiye iyo yaje aturuka.

Ibitutsi bifatiye ku bwoko, vyarumvikanye no mu nama nshingamateka, aho abanywanyi b’umugambwe, Economic Freedom Fighters, batutse abashingamateka b’abazungu n’abirabure. Bise umwirabure umwe umuzungu mu gihe, babwiye uwundi kuvuga nk’umwirabure.

Inyifato nk’iyo yarateye impungenge abitegereza demokarasi itarashinga imizi, muri Afrika y’Epfo, mu gihe ico gihugu citeguriye amatora, mu mpera z’uyu mwaka.

Ubutunzi bw’igihugu buracatandukanye bifatiye kw’ibara ry’urukoba. Abazungu bari mu batunzi, mu gihugu, mu gihe abirabure bari mu bakene. Ikintu gituma haba ishavu.

XS
SM
MD
LG