Uko wahagera

Iraki: Gukura Amabombe I Ramadi Bizofata Igihe


Igisagara ca Ramadi
Igisagara ca Ramadi

Bishobora kuzofata imyaka itari mike, n’imiliyoni n’imiliyoni z’amadolari, imbere yuko igisagara ca Ramadi, mu gihugu ca Iraki, kizoshobora gusubira kubamwo umutekano, ku buryo abantu bazoshobora gusubira kuhaba.

Ivyo vyatangajwe n’abahinga b’Abanyamerika bariko bakura amabombe yatezwe n’umurwi w’intagondwa, witwa, Reta ya Kiyislamu.

Igisagara ca Ramadi catujijwemwo umurwi witwa, Reta ya Kiyislamu, mu kwezi kw’icumi na kabiri mu mwaka w’i 2015, inyuma y’ugutana mu mitwe gukomeye.

Ibice vyinshi vy’ico gisagara vyasigaye ari ubunywenywe.

Ku bw’ibiro vy’umushikiranganji wa mbere wa Iraki, ibice mirongo icenda kw’ijana vy’ico gisagara vyuzuyemwo amabombe y’ubwoko butandukanye, yasizwe n’umurwi, witwa, Reta bya Kiyislamu.

Isosiyete, Janus Global, yahawe akazi na Reta ya Amerika, k’ukurondera n’ukwihweza ivyononekaye mu gisagara ca Ramadi, yabwiye Ijwi rya Amerika ko gusubira gutuma abantu bashobora kuba, muri ico gisagara, kizoba igikorwa kitoroshe na gato.

Ishirahamwe mpuzamakungu O-N-U, rimenyesha ako gukura amabombe, muri ico gisagara, bizotwara amafranga ari hagati y’imiliyoni ijana, n’imiliyoni amajana abiri y’amadolari.

XS
SM
MD
LG