Uko wahagera

Iraki: Ibitero Vyahitanye Abagabo 2 Bakomeye ba ISIS


Kolonel Steve Warren, avugira inteko mvamakungu muri Iraki
Kolonel Steve Warren, avugira inteko mvamakungu muri Iraki

Indege za Gisirikare za Leta zunze ubumwe z’Amerika zaragavye igitero muri Iraki cahitanye abagabo babiri bavugwa ko bari bafitiye ikimazi kinini umuhari wa reta ya Kiyisilamu.

Umuvugizi w’inteko z’Amerika muri Iraki, Koloneli Steve Warren, yatangaje ko ico gitero cabaye italiki 13 z’uku kwezi kwa gatanu.

Warren yavuze ko abo bishwe bazwi ku kazina ya Abu Hamza na Abu Safiya.

Abu Hamza avugwa ko ariwe yateguye kandi ashira mungiro ibitero vyagabwe ku banyamerika mugihe c’intambara muri Iraki, yaheze mu mwaka w’2011.

Ninawe kandi yatunganya abarwanyi ba reta ya kiyisilamu kandi yar’ajewe kuronderera uburyo bw’amafaranga uwo muhari muri Iraki.

Abu Safiya nawe yagirizwa ko ariwe yashize ibirwanisho vy’ubumara mu ruzi Euphrate muri Iraki.

Warren amenyesha kandi ko mur’ico gitero har’uwundi murwanyi agira gatatu yahasize ubuzima.

XS
SM
MD
LG