Uko wahagera

Amerika na Misiri Ku biganiro Hagati ya Isirayeli na Palestina


Sekreteri wa reta wa Leta zunze ubumwe z’Amerika John Kerry yarabonaniye I kayiro ku murwa mukuru wa Misiri na Perezida w’ico gihugu Abdel-Fattah el-Sissi.

Mur’uyo mubonano wabaye kuwa gatatu, abo bategetsi babiri baganiriye kubijanye no kwongera gutanguza ibiganiro vy’amahoro hagati ya Isirayeli na Palestina.

Umuvugizi wa deparetema ya reta ya Amerika, John Kirby yamenyesheje ko Kerry yashimiye Perezida Sissi kur’ako kigoro mu gufasha kugira ibiganiro hagati y’abarabu na Isirayeli bibandanye.

Uwo mubonano hagati ya Kerry na Perezida Sissi ubaye hari haheze umusi umwe uwo mutegetsi wa Misiri atangaje ko amasezerano y’amahoro hagati ya Isirayeli na Palestina ashobora gutuma imigenderanire hagati ya Misiri na Isirayeli iba myiza.

XS
SM
MD
LG