Uko wahagera

Ibinyamugigima Bibiri Vyabaye Muri Equateur


Equateur kw'ikarata
Equateur kw'ikarata

Ibinyamugigima bibiri bikomeye vyarabaye, ku musi wa gatatu, mu gihugu ca Equateur, mu kibanza kimwe nk’ico ikinyamugigima cabaye, mu kwezi guheze, cahitanye abantu barenga amajana atandatu na mirongo itanu.

Perezida wa Equateur, Rafael Correa, avuga ko ibinyamugigima vyabaye, ku musi wa gatatu ,vyahitanye umuntu umwe, abandi mirongo umunani na batanu barakomereka.

Ikinyamugigima gikomeye cabaye, mu gitondo co ku musi wa gatatu, hafi y’imihana y’ahitwa Mompiche, ku nkengera z’ibahari, gikwirikirwa n’ikindi kinyamugigima gikomeye kigira kabiri ku mutaga, mu buraruko bw’igisagara co hafi yaho ca Rosa Zarate.

Ivyononekaye si vyinshi, kandi ivyo binyamugigima bibiri vyabereye mu bice inyubakwa zaza zarononywe n’ikinyamugigima cabaye mu kwezi kwa kane.

Ikinyamugigima co mu kwezi kwa kane, cari ku rugero rw’indwi n’ibice umunani, cari kimwe mu binyamugigima bikomeye cane vyabeae muri Equateur, mu kiringo kirenga imyaka mirongo irindwi. Ico kinyamugigima cahitanye abantu amajana atandatu na mringo itanu, abandi bagera ku bihumbi cumi na bitatu barakomereka, ku nkengera z’ibihari rya Pasifike.

XS
SM
MD
LG