Uko wahagera

USA: Hillary Clinton Arusha Amajwi Menshi Sanders


Umukandida w'Umudemokrate, Hillary Clinton ariko yiyamamaza muri Reta ya Kentucky.
Umukandida w'Umudemokrate, Hillary Clinton ariko yiyamamaza muri Reta ya Kentucky.

Hillary Clinton, yahoze ari umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, n’uwo bahiganwa mu mugambwe w’Abademokrate, Senateri wa reta ya Vermont, Bernie Sanders, batsinze umwe umwe wese reta imwe.

Ni mu matora ya mbere y’ukurondera kugenwa n’umugamwe w’Abademokrate, mu matora y’umukuru w’igihugu bazoba mu kwezi kw’icumi na rimwe, muri Amerika, yabaye ku musi wa gatatu. Hillary Clinton, yatsinze Bernie Sanders, muri reta ya Kentucky, n’amajwi agera ku bihumbi bibiri. Muri ico gihe, Sanders yatsinze Clinton muri Oregon.

Hillary Clinton ariko arondera kuba umuperezida wa mbere w’umupfasoni muri Amerika, ashobora kuzoshikana, kw’italiki indwi z’ukwezi kwa gatandatu, ibitigiri bisabwa vy’abazoshikiriza amajwi, kugira agenwe n’umugambwe wiwe kuwuserukira mu matora yo mu kwezi kw’icumi na rimwe, igihe ama Reta atandatu azotora.

Abademokrate bazoca bataganza icese kw’ariwe yatowe kubaserukira mu matora, mw’ikoraniro ry’umugambwe rizoba mu kwezi kw’indwi.

Bernie Sanders, yotegerezwa gutsinda hafi y’ibice 85 kw’ijana vy’abashikiriza amajwi basigaye, mu gihugu cose, kugira ashobore kurengana Hillary Clinton.

XS
SM
MD
LG