Uko wahagera

Yemeni: Reta Yavuye Mu Biganiro vy’Amahoro


Reta ya Yemeni yavuye mu biganiro bishigikiwe na ONU yariko igirana n’abayisilamu bo mu bwoko bw’aba Houti bayirwanya, ibiganiro bigamije kugarukana amahoro mur’ico gihugu.

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire n’amakungu wa Yemeni, Abdul-Malik al-Mekhlafi, yamenyesheje ko ivyo biganiro biriko bibera muri Koweti ari ugutakaza umwanya.

Amenyesha ko abo bayirwanya bironderera imyanya mu butegetsi mu kwirengagiza icemezo cafashwe n’inama ya ONU ijejwe umutekano cavuga ko ico kibazo co gusabikanya ubutegetsi kibwirizwa kubanza kuganirwako.

Abo barwanya reta bo ntaco baravuga kur’iyo ngingo ya reta yo kuva mu biganiro.

Abayisilamu bo mu bwoko bw’aba Houti bafashwe mu mugongo na Irani bafashe umurwa mukuru wa Yemeni Sanaa mu mwaka w’2014. Kuva ico gihe, reta yari ihasanzwe ishigikiwe n’amakungu yaciye ihungira muri Abariya Sawudite.

Mu nyuma yaragarutse mu gihugu, ubu ikaba ifise icicaro mu gisagara ca Aden, kiri ahari ikivuko.

XS
SM
MD
LG