Uko wahagera

Amerika na Arabiya Sawudite Ku Bitero Vyabaye muri 2001


Inama nkenguzamateka ya Leta zunze ubumwe z’Amerika, yaremeje ibwirizwa rirekurira abarokotse hamwe n’imiryango y’abantu baharurwa ku 3000 bahitanwe n’ibitero vy’iterabwoba vyabaye muri Amerika italili 11 z’ukwezi kw’icenda umwaka w’2001 kwitwarira igihugu ca Arabiya Sawudite.

Ni mugihe abantu 15 kuri 19 banyuruje indege mu gutegeka abadereva bazo kuzitumbereza ku magorofa y’I New York n’I Washington bamenyekanye ko bamuka mu gihugu ca Arabiya Sawudite.

Iryo tegeko riha uburenganzira abo barokotse n’iyo miryango y’abapfuye kwitwarira Arabiya Sawudite no gusaba undishi z’akababaro.

Ariko Arabiya sawudite co caramaze guhakana ko ataruhara gifise mur’ivyo bitero.

Iryo bwirizwa risigaje kwemezwa n’abashingamateka mu nyuma ryongere rirungikirwe Perezida Obama nawe abone kuryemeza canke kurihakana.

Ariko Perezida Obama we yaramaze kwerekana aho ahagaze mu kuvuga ko atiteguye kuryemeza.

Ni mugihe kandi Arabiya Sawudite naco kimenyesha ko mugihe iryo bwirizwa ryocika itegeko kizoca gikura imitahe yaco yose iharurwa ku ma miliyaridi y’amadolari gifise muri Amerika.

XS
SM
MD
LG