Uko wahagera

Amerika: Sena Yiyemeje Kurwanya Zika

Senateri w'Umudemokrate, Patty Murray, wo mu ntara ya Maryland, ariko aha ikiganiro abamenyeshamakuru,ku mafranga agenewe kurwanya umugera wa Zika, mu nyubakwa y'inama nshingamateka i Washington, kw'italiki 17, ukwezi kwa gatanu, umwaka w'i 2016.

Inama nkenguzamateka ya Reta zunze ubumwe za Amerika, yemeje umuliyaridi n’imiliyoni ijana y’amadolari, agenewe kurwanya umugera wa Zika. Ayo mafranga ari musi cane y’umuliyaridi n’imiliyoni amajana icenda yari yasabwe na Reta ya Obama. Yamara ayo mafranga ararengeye ayariko yihwezwa n’inama nshingamateka.

Ingingo y’inama nkenguzamateka, yo ku musi wa kabiri yafashwe, n’amajwi 68 kuri mirongo ibiri n’icenda. Umugera wa Zika, ugendanwa n’imibu, ushobora gutuma abana bavukana ubumuga bukomeye, n’ibibazo bikomeye vyo mu bwonko.

Mu kiringo c’indwi zitari nke benshi mu bashingamateka b’Abarepublika bamenyesheje ko bakeneye ayandi makuru, ku kugene amafranga agenewe kurwanya umugera wa Zika, azokoreshwa. Bamwe muribo basavye kw’amafranga agenewe iyindi migambi agabanywa, kugira bifashe mu mugambi w’ukurwanya umugera wa Zika.

Abategetsi bajejwe ubuvuzi baragabishije kw’umugera wa Zika ushobora gukwiragira, mu bice bitari bike vya Amerika.

XS
SM
MD
LG