Uko wahagera

Abanyasudani yo mu Bumanuko 17 mu Mugambi YALI


Perezida wa Amerika, Barack Obama ariko yishura ibibazo mw'ikoraniro ry'umugambi YALI, w'imikangara y'imboneza z'Abanyafrika kw'italiki 3 z'ukwezi kw'umunani, i Washington DC
Perezida wa Amerika, Barack Obama ariko yishura ibibazo mw'ikoraniro ry'umugambi YALI, w'imikangara y'imboneza z'Abanyafrika kw'italiki 3 z'ukwezi kw'umunani, i Washington DC

Imikangara cumi n’ine yo muri Sudani yo mu bumanuko izogira uruhara mu mugambi watangujwe na perezida Obama w’ugufasha abakiri bato b’imboneza bo mu karere ka Afrika, Young African Leadership Initiative, mu mpfunyapfunyo, YALI.

Abagenywe muri uyo mugambi, bazoza mu gisagara ca Washington, mu kwezi kuza.

Bazoja mu mashule kaminuza yo muri Amerika, mu kiringo c’indwi zitandatu, kwiga ivyerekeye gushiraho imigambi y’ukwiteza imbere n’ubuyobozi.

Imikangara cumi n’ine y’Abanyasudani yo mu bumanuko, bazokwifatanya n’iyindi mikangara igihumbi yatowe, mu karere kose ka Afrika, muri uyu mwaka, kugira uruhara mu mugambi YALI.

Chris Meade, ajejwe gutangaza amakuru muri Ambasade ya Reta Zunze Ubumwe za Amerika, ku murwa mukuru wa Sudani yo mu bumanuko, Juba, avuga ko abasore indwi n’abigeme indwi aribo batowe, mu bari basavye kuja mu mugambi YALI amajana ane.

Abemerewe mu mugambi YALI, baba bari hagati y’imyaka 25 n’imyaka 35. Baba batari bwigere baza muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika.

Chris Meade, ajejwe gutangaza amakuru muri Ambasade ya Amerika, i Juba, amenyesha ko igihe abakiri bato b’imboneza amajana atanu, bavuye mu karere ka Afrika, bagira uruhara mu mugambi YALI, mu mwaka uheze, batanu gusa aribobava muri Sudani yo mu bumanuko.

.

XS
SM
MD
LG