Uko wahagera

USA Iriko Irondera Ikibanza ca Gisirikare muri Afrika


Igisirikare ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika kiriko kirihweza ibibanza cumi na kimwe bishobora gushirwamwo ikibanza ca kabiri ca gisirikare, mu karere ka Afrika. Ivyo vyatangajwe n’umuvugizi w’ibiro bikuru vy’igisirikare ca Amerika, mu karere ka Afrika, mu mpfunyapfunyo, AFRICOM.

Colonel Mark Cheadle, uno musi ku wa kabiri, ntiyashatse kuvuga ivyo bibanza biriko birihwezwa. Yavuze gusa ko Nigeriya itarimwo.

Reta Zunze Ubumwe za Amerika, muri iki gihe, zifise ikibanza ca gisirikare mu gihugu ca Djibouti. Inteko za Amerika ziri kandi ku butaka bwa Somaliya gufasha inteko zo mu karere ka Afrika kurwanya umurwi al-Shabab, no muri Cameroun gufasha akigoro k’ukurwanya umurwi Boko Haram.

Umutegetsi mukuru w’ibiro bikuru vy’igisirikare ca Amerika, mu karere ka Afrika, Jenerali David Rodriguez, yatangaje kw’icicaro c’ivyo biro, kiri mu gisagara ca Stuttgart, mu gihugu c’Ubudagi, kizoguma mu karere k’i Bulaya muri kazoza ko hafi.

XS
SM
MD
LG