Uko wahagera

Mu gikorwa gikomeye c’ugufatira ingingo zikomeye abanonotsi bafata ivyongereza inguvu, isharahamwe mpuzamakungu ry’inkino za Olempike CIO, ryatangaje kw’abanonotsi 31 bashobora kuziririzwa kuja mu nkino mpuzamakungu za Olempike zo mu gisagara ca Rio de Janeiro mu gihugu ca Brezil.

Ivyo bivuzwe inyuma yuko ibipimo vyabo vyo mu nkino mpuzamakungu za Olempike zo mu mwaka w’i 2008, inyuma yuko bisubiye gusuzumwa, vyerekanye ko bafashe imiti yongereza inguvu.

CIO imenyesha ko yatanguye gufatira ibihano abanonotsi bava mu bihugu 12, bahiganywe mu bwoko bw’inkino butandatu, mu nkino mpuzamakungu za Olempike z’i Beijing mu Bushinwa, mu mwaka w’i 2008.

Abategetsi b’ishirahamwe CIO bamenyesha kandi ko bariko barindiye ibivuye mu gikorwa c’ugusubira gusuzuma ibipimo vyagizwe ku banonotsi bahiganywe mu nkino mpuzamakungu za Olempike z’i Londres mu Bwongereza, mu mwaka w’i 2012.

Abategetsi b’ishirahamwe mpuzamakungu ry’inkino za Olempike, bamenyesha ko igikorwa c’ugupima gishimikiye ku banonotsi bashobora guhiganwa, mu kwezi kw’umunani, mu nkino mpuzamakungu za Olempike.

Iryo shirahamwe rimenyesha ko abanonotsi bose bazorenga ku mategeko y'ukudafata imiti yongereza inguvu bazoziririzwa guhiganwa mu nkino mpuzamakungu.

XS
SM
MD
LG