Uko wahagera

Iraki: Ibitero vy'Amabombe Vyihaye Inkumbi ku Murwa Mukuru


Ibitero vy’amabombe bitari bike vyagizwe mu bibanza birimwo amasoko, ku murwa mukuru w’igihugu ca Iraki, Baghdad, kuruyu wa kabiri. Ivyo bitero vyahitanye abantu 68, bikomeretsa abandi barenga ijana.

Igitero cihaye inkumbi kurushiriza cabereye mu gice ca al-Shaab, kirwiriyemwo aba Shi’ite, mu buraruko bw’umurwa mukuru. Abategetsi bamenyesha kw’umwiyahuzi yaturikije bombe, mu kibanza c’isoko carimwo abantu benshi.

Umurwi w’intagondwa witwa, Reta ya Kiyislamu, wiyitiriye ico gitero cahitanye abantu 34, abandi mirongo irindwi barakomereka.

Ikindi gitero ca bombe yari yetezwe mu modoka cagizwe mu gice ca Rashid, mu bumanuko bw’umurwa mukuru. Ico gitero cahitanye abantu batandatu, abandi mirongo ibiri n’umwe barakomereka.

Igitero ca bombe c’umwihevyi mu gice c’aba Shi’ite ca Sadr City, ku murwa mukuru, Baghdad cahitenye abantu 19, abandi mirongo ibiri n’umwe barakomereka.

Itororokanirizo ry’amakuru ry’Abongereza, Reuters, ritangaza kw’igitero ca kane cagizwe mu buriro mu gice ca Habibiya, mu buraruko bw’umurwa mukuru cahitanye abantu icenda.

Nta wiyitiriye buno nyene ivyo bitero vy’amabombe.

XS
SM
MD
LG