Uko wahagera

Kameruni: Kurya Ibiturire Mu Bategetsi


Reta ya Kameruni yarahagaritse itako irafunga abategetsi bashika 14 bo mu ntwaro hamwe n’abajejwe kurongora imigambi mu buzi butandukanye bwa reta bagirizwa kurya ruswa.

Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’ubutungane muri Kameruni, Etienne Dika, amenyesha ko abo bagabo 14 bagirizwa kunyuruza amafaranga angana n’imiliyoni icenda z’amadolari.

Ayo mafaranga avugwa ko yari agenewe gushumbusha abanyagihugu bakuwe mu matongo bahora babamwo y’ahitwa Kribi, amatongo reta yubatsemwo ikivuko.

Ariko abakurikiranira hafi ibibera mur’ico gihugu, biyumvira ko ubwo ari uburyo Perezida wa Kameruni Paul Biya, yatoye bwo kuzivya abatavugarumwe n’ubutegetsi.

Ariko abo mu mashirahamwe adaharanira inyungu za politike mur’ico gihugu baranegura ko iryo sekeza ryo kurwanya ibiturire ritumbera gusa abatavugarumwe na Perezida Biya.

XS
SM
MD
LG