Uko wahagera

Amatora y’Umukuru w’Igihugu muri Republika Dominikano


Abanyagihugu bo muri Republika Dominikano kuwa mungu bazindukiye mu matora y’umukuru w’igihugu, amatora biteze ko perezida w’ico gihugu Danilo Medina ariwe ashobora kuyatsinda.

Ibiharuro bimaze gusohoka biha Medina amajwi arenga 50 kw’ijana, bigaragaza ko ashobora gutahukana intsinzi ata gice ca kabiri c’amatora kirinze kuba.

Mu mwaka w’2015 Perezida Medina w’ico gihugu ca Republika dominikane, yarahinduye ibwirizwa nshingiro yongeramwo ikiringo kigira kabiri, mugihe umukuru w’igihugu yari yemerewe gutwara ikiringo kimwe c’imyaka ine.

Perezida Medina ahabwa amahirwe yo gutahukana intsinzi kuko ku ntwaro yiwe ubutunzi bw’igihugu bwiyongereye ibice 7 kw’ijana mu mwaka uheze.

Ariko naho bir’uko abantu barenga ibice 40 kw’ijana mu baba mur’ico gihugu babayeho mu bukene burenze urugero.

XS
SM
MD
LG