Uko wahagera

Abantu Barirukanwa muri Guine Ekwatoriale na Gabon


Ibihugu vya Guine Ekwatoriale na Gabon bitangaza ko biriko birirukana abanyamahanga baba mur’ivyo bihugu batagira ibibaranga.

Benshi muri bo bamuka mu bihugu vya Afrika yo hagati.

Nkuko bitangazwa n’umunyakamuru w’ijwi ry’Amerika muri Kameruni, Moki Edwin Kindzeka, abantu baharurwa mu majana bamuka mu bihugu vya Afirika yo hagati bari mu kangaratette muri Kameruni.

N’inyuma yaho birukaniwe n’ibihugu vya Guine Ekwatoriale na Gabon mur’uku kwezi kwa gatanu.

Abo bantu bavuga ko basahuwe ivyo bari bafise vyose, barabatwara amafaranga bari bafise mu nyuma baca batwara ku rubibe rw’ahitwa Kiossi.

Bamwe muri bo niho bari bagishika mur’ivyo bihugu abandi bari babayeyo imyaka itari mike.

Ibihugu vya Gabon na Guine Ekwatoriyal bimenyesha ko babirukanye kumvo z’umutekano kandi ko bamwe bagiye mu bikorwa vyo kwimba ubutare bidaciye mu mategeko mugihe abandi bagirizwa mu bikorwa vy’ubugizi bwa nabi

XS
SM
MD
LG