Uko wahagera

Siriya: Abasirikare 20 ba Reta Bariciwe ahitwa Deir Ezzor


Intara ya Deir Ezzor muri Siriya
Intara ya Deir Ezzor muri Siriya

Abarwanyi b’umuhari wa Reta ya Kiyisilamu barishe abasirikare 20 ba reta ya Siriya mugitero bagavye ejo kuwa gatandatu ku bitaro biri mu buseruko bwa Siriya.

Abo barwanyi kandi barifatiye igice c’ahitwa Deir el-Zour, hafi y’urubibe Siriya gihana na Iraki.

Ishirahamwe ryishinze guharanira agateka ka muntu rifise icicaro mu bwongereza, ritangaza ko mur’ico gitero abarwanyi batandatu ba Reta ya Kiyisilamu nabo barahasize ubuzima.

Bamenyesha ko ata makuru bafise ku bakozi b’ivyo bitaro hamwe n’abarwayi bari muri vyo.

Abasivile bashika ibihumbi 200 nibo bavugwa ko bakiri mur’ako agce ka Deir Ezzor, ku ruhande rugenzurwa na reta.

Hagat’aho, abandi bantu babiri barishwe, batanu barakomeretswa n’ibombe yaturikiye mu modoka mu buraruko bushira ubuseruko bw’ico gihugu nyene ca Siriya, mu gisagara ca Qamishli kirwiriyemwo aba Kurdes.

XS
SM
MD
LG