Uko wahagera

Nijeriya: Igitero Kuri Boko Haram


Abasirikare ba Nijeriya bafise ibendera rya Boko Haram

Abasirikare ba Nijeriya bafise ibendera rya Boko Haram

Inteko z’ibihugu vyo mu burengero bwa Afirika vyagiye hamwe mu kurwanya umugwi w’iterabwoba wa Boko Haram zarafashe indongozi zitanu za Boko Haram zongera zibohoza imbohe zirenga cumi.

Abategetsi ba reta ya Kameruni bamenyesheje ejo kuwa gatandatu ko hagabwe igitero ku kirindiro ca Boko Haram kiri mu buraruko bw’ishamba rya Madawaya mu ntango z’uku kwezi kwa gatanu.

Mur’ico gitero harabohojwe abana 28 hamwe n’abagore 18 bari bagizwe imbohe na Boko Haram.

Ayo makuru atangajwe mugihe, abakuru b’ibihugu bitari bike vyo mu burengero bwa Afrika, barikumwe na Perezida w’Ubufaransa Francois Hollande hamwe n’abategetsi muvya ki dipolomasiya b’Ubwongereza na Amerika bagize inama ku murwa mukuru Abuja wa Nijeriya.

Iyo nama yari igamije kwigira hamwe ibijanye n’umutekano mur’ako karere hamwe n’imikenyuro bokoresha kugira barwanye Umugwi w’iterabwoba wa Boko Haram.

Perezida wa Nijeriya Muhammadu Buhari yatangaje mur’iyo nama ko hakenewe amafaranga angana n’umuliyaridi umwe w’amadolari yo gusanura ivyasambuwe na Boko Haram mu karere k’ikiyaga Chad.

Ayo mafaranga azofasha kandi impunzi zisabagiye mur’ako karere, nyinshi zigizwe n’abagore hamwe n’abana.

XS
SM
MD
LG