Uko wahagera

Abarundi birukanwa mu Rwanda


Abarundi baharugwa mu gihumbi ni bo bamaze kumenyekana ko birukanywe mu gihugu c’u Rwanda. Biboneka ko ari abanyagihugu batobato. Benshi bavuga ko bakora ubuzi bwo kurima. Abafise imirima n’ayandi matungo atungurizwa bakavuga ko babisizeyo. Muri abo igihumbi hari abagera kuri 200 baciye mu ntara ya Ngozi nk’uko umushikiranganji w’intwaro yo hagati, Pascal Barandagiye, abimenyesha.

Benshi baturuka mu ntara ya Kirundo muri komini Ntega. Abandi nabo baturuka mu ntara za Ngozi, Karusi, na Muyinga. Pascal Barandagiye yavuze ko iyirukanwa ry’abo Barundi ari ikimenyetso c’uko Uburundi bufise umubanyi mubi. Ivyo biharuro vy'abirukanywe bishobora kurenga igihumbi kure n'iyo kuko no kumugoroba kuri uyu wa gatandatu haguma hashika abandi ku ruzi Akanyaru. Umviriza inkuru ya Jean-Bosco Ndarurinze.

please wait
Embed

No media source currently available

0:00 0:05:22 0:00


XS
SM
MD
LG