Uko wahagera

Abarundi barenga ibihumbi 30 barahungutse mu ntara ya Rumonge yonyine (Willy Nyamitwe)


Willy Nyamitwe

Willy Nyamitwe

Kuri uyu wa gatanu ni ho hibukwa umwaka urangiye umusi ku wundi habaye igeragezwa ry'uguhirika ubutegetsi. Mu kwibuka uwo mwaka, ibiro bijejwe kumenyesha amakuru mu biro vya Perezida Nkurunziza vyatunganije ikiganiro citabwe n'abanyagihugu, abategetsi batandukanye n'abamenyashamakuru.

Inyuma y'ico kiganiro umujenama mukuru ajejwe kumenyesha amakuru mu biro vy'umukuru w'igihugu, Willy Nyamitwe, yaganiriye n'Ijwi ry’Amerika. Yemeza ko abantu batari bake ubu bariko baratahuka n'ubwo bitavugwa, akanemeza ko mu Burundi ata ntambara izopfa isubiye kuba. Atangura atubwira icigwa leta yakuye mw'igeragezwa ry'uguhirika ubutegetsi. Willy Nyamitwe aganira na mugenzi wacu Eloge Willy Kaneza.

XS
SM
MD
LG