Uko wahagera

Tuniziya: Amerika Yatanze Imfashanyo za Gisirikare


Leta zunze ubumwe z’Amerika yarahaye igihugu ca Tuniziya imfashanyo za gisirikare zigizwe n’imiduga ya gisirikare, indege ntonto, hamwe n’ivyuma vyo gutumatumanako amakuru.

Ivyo bikoresho vyatanzwe ejo kuwa kane bizofasha Tuniziya gukingira urubibe ico gihugu gihana na Libiya, mugice c’ubumanuko bushira ubuseruko.

Ico gice niho havugwa ko ariwo muhora abarwanyi ba leta ya Kiyisilamu bacamwo mukwinjira muri Tuniziya.

Umufasha w’umushikiranganji wo kwivuna abansi muri Amerika, Amanda Dory, yashikirije ko izo ndege zizofasha kugendereza ako karere kugira bashobore kubona imihora abakora iterabwoba bacamwo.

Igihugu ca Tuniziya nico cabaye ica mbere mu bihugu vyo mu buraruko bwa Afirika cirukanye ku butegetsi umukuru w’igihugu mu mwaka w’2011 muco bise Printemps Arabe.

Ariko intagondwa hamwe n’abakora ibikorwa vy’iterabwoba bama bahungabanije demokarasi itarashinga imizi mur’ico gihugu naho gisanzwe gishigikiwe n’ibihugu vyo mu burengero bw’isi, ivyo abandi bita ibihugu rutura.

XS
SM
MD
LG