Uko wahagera

Somaliya: Amerika yateye al-Shabab


Abarwanyi ba al-Shabab
Abarwanyi ba al-Shabab

Abasirikare ba Leta zunze ubumwe z’Amerika baragavye igitero ku barwanyi b’umugwi w’iterabwoba al-Shabab muri Somaliya.

Ico gitero cabaye kuwa kane cari kigamije gufata mu mugongo abasirikare ba leta ya Somaliya hamwe n’inteko z’ubumwe bwa Afirika mu gitero bariko bagira ahari ikirindiro c’uwo mugwi w’iterabwoba.

Ico gitero cabereye ahitwa Sabiid, ku bilometero 40 uvuye k'umugwa mukuru Mogadishu mu gice c’uburengero.

Umutegetsi wo mu bushikiranganji bw'Amerika bwo kwivuna umwansi yabwiye ijwi ry’Amerika ko inteko z’Amerika zateye al- shabab, inyuma yaho abasirikare ba Uganda bo mu nteko za AMISOM basugerererejwe n’izo ntagondwa mugihe bariko barazitera.

Umutegetsi wa reta ya Somaliya atashimye kwivuga izina yamenyesheje ko kajugujugu za gisirikare z’Amerika zateye misile ku modoka zitatu za al shabab. Amenyesha kandi ko abarwanyi bashika indwi ba al-Shabab bishwe.

XS
SM
MD
LG