Uko wahagera

Reta ya Sudani yo mu Bumanuko Irarenga ku Masezerano


Sudani yo mu bumanuko kw'ikarata
Sudani yo mu bumanuko kw'ikarata

Indwi zibiri zirarangiye impade zitana mu mitwe muri Sudani yo mu bumanuko zishizeho Reta nfatakibanza y’ubumwe. Abajejwe gukwirikirana ishirwa mu ngiro ry’amasezerano y’uguhagarika ingwano bavuga ko inteko za Reta ya perezida Salva Kiir, zitarakonara nabo ku vyerekeye gushira mu ngiro ingingo zerekeye umutekano, nkuko vyategekakijwe mu masezerano y’amahoro.

Jenerali Majoro, Molla Hailemariam, ayoboye urwego rujejwe gukwirikirana ishirwa mu ngiro ry’amasezerano y’uguhagarika ingwano n’umutekano, yavuye mu nama yo ku musi wa kane, ku ntambwe zimaze gushikwako ku bijanye n’ugushira mu bikorwa ingingo zerekeye umutekano, ku murwa mukuru, Juba. Yasobanuye ko inteko za Reta zikigonanwa ku vyerekeye ico gikorwa.

Intwazangabo mu gisirikare ca Reta zisabwa gukura zimwe mu nteko, ku murwa mukuru, Juba, n’ukumenyesha urwego rujejwe gukwirikirana ishirwa mu ngiro ry’amasezerano y’uguhagarika ingwano, n’umutekano igitigiri nyakuri c’inteko ziba zavanywe ku murwa mukuru.

Amenyesha kandi ko abajejwe igikorwa c’ugushira mu ngiro ayo masezerano, bagumye babuzwa gukora akazi kabo, mu bice bimwe bimwe vy’igihugu.

XS
SM
MD
LG