Uko wahagera

Uganda: Perezida Yoweri Museveni Yarahiye


Museveni yakira ingabo, ikimemenyetso cy'ubutegetsi. Yari amaze kurahira tariki ya 12 y'ukwa gatanu 2016
Museveni yakira ingabo, ikimemenyetso cy'ubutegetsi. Yari amaze kurahira tariki ya 12 y'ukwa gatanu 2016

Perezida wa Uganda, Yoweri Museveni yarahiye mu mabanga y’ukubandanya kuyobora igihugu ku musi wa kane.

Museveni yashitse mu kibanza c’ukurahiriramwo abari baje kurororera ivyo birori bamukomera amashi. Mu kiringo c’isaha yari yarahiye. Museveni ari ku butegetsi kuva mu mwaka w’i 1986. Yamara ibirori vy’ukurahira vyabaye mu gihe hari icuka kibi.

Reta ya Uganda yaraciye uburyo bwose burekurira gukoresha imbuga ngurukanabumenyi imbere y’ibirori vy’ukurahira. Igipolisi cari carungitswe mu bice vyose vyo hagati mu gisagara ca Kampala, inyuma y’uruhagarara rwabaye ku musi wa gatatu.

Umuyobozi w’abatavuga rumwe na Reta, Kizza Besigye, ejo ku musi wa gatatu yari yarashoboye guseruka mu gisagara ca Kampala mu vyatangaje abantu kubera yari apfunzwe icamaso. Yiyemeje kubandanya urugamba wiwe rw’ukuba perezida w’abanyagihugu. Abamushigikiye baje ari benshi kumuraba.

Igipolisi cararashe imyuka ibabaza mu maso kugira gishwiragize abari baje kumusanganira, gitangura gukubita abasivile, nkuko bitangazwa n’ivyabona n’amasanamu ya videwo yashizwe ku bibanza ngurukanabumenyi. Yarahagaritswe, mu vyatumye abamushyigikiye bashaka kumubona bahonyangana.

Umutambukanyi wiwe ariko asaba ko arekurwa bidatevye kandi atabibanje gusabwa. Ari mu nama i Kigali mu Rwanda, yamenyesheje ko afise impungenge ku magara y’umugabo wiwe n’ukuba atazi aho apfungiwe.

XS
SM
MD
LG