Uko wahagera

Ibihugu Bitunze Biremera Uruhara muri Ruswa


Umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza, David Cameron, ari kumwe n'umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, John Kerry,bashitse kugira bugurure inama mpuzamakungu ku rugamba rw'ukurwanya ruswa, i Londres, mu Bwongereza, kw'italiki 12, ukweziz kwa gatanu, umwaka w'i 2016
Umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza, David Cameron, ari kumwe n'umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, John Kerry,bashitse kugira bugurure inama mpuzamakungu ku rugamba rw'ukurwanya ruswa, i Londres, mu Bwongereza, kw'italiki 12, ukweziz kwa gatanu, umwaka w'i 2016

Inama mpuzamakungu yerekeye urugamba rw’ukurwanya ruswa, uno musi ku wa kane, cabaye igihe cuko Ubwongereza na Reta Zunze Ubumwe vyihweza imigambi yavyo ubwavyo n’uruhara bifise, mu kunyegeza imiliyaridi n’imiliyaridi y’amadolari yibwe n’abanyepolitike, mu bihugu biri mu nzira y’amajambere.

Inama mpuzamakungu ku rugamba rw’ukurwanya ruswa, iriko ibera mu gisagara ca Londres, mu Bwongereza, yahinduye aho ishimikiye, ku vyerekeye kurwanya ruswa, mu kutagiriza gusa abategetsi batwaza agahotoro banyengetewe na ruswa, mu kwagiriza ibihugu bitunze, aho amabanki n’abagurisha amazu, muri ivyo bihugu, aribo bakura inyungu mu matungo asahuwe, mu bihugu biri mu nzira y’amajamzbere.

Umushikiranganji ajejwe imigenderanaire wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, John Kerry, avuga ko imiliyaridi n’imiliyaridi y’amadolari y’amafranga yibwe, amafranga yofashije mu vyerekeye indero, canke kwubaka iibiraro, mu bihugu bikenye, anyegezwa mu mabanki mu bihugu biteye imbere, harimwo Ubwongereza na Amerika.

John Kerry, avuga ko bariko barwana urugamba rw’ibihugu vyabo. Amenyesha ko ruswa ari umwansi kuko isenya ibihugu.

Inama mpuzamakungu, ku rugamba rw’wukurwanya ruswa y’umusi umwe, yahuje abategetsi b’ibihugu vya Afghanistani, Colombiya, Nigeria n’ibindi bihugu.

Abategetsi b’Ubwongereza bavuga ko ico bashaka gushikako, ari ugukomeza igikorwa c’amakungu c’ugushira ahabona, guhana n’ukurandurana n’imizi ruswa, mu nzego zose mu bihugu vyo kw’isi.

XS
SM
MD
LG