Uko wahagera

Burundi: Polisi Yarerekanye Abagwanyi Indwi


Pierre Nkurikiye

Pierre Nkurikiye

Igipolisi c'Uburundi cerekanye abantu indwi bari mw'iperereza bikekwa ko bari mu bahungabanya umutekano.

Umuvugizi w’igipolisi avuga ko abo bantu indwi bagizwe n’abagabo bakiri bato n’imisore bafashwe ku musi wa kabiri w’iyi ndwi.

Uko ari indwi bose bakekwa ko bari mu kagwi k’abantu bahungabanya umutekano na cane cane abatera ama grenades harimwo ayahitanye abantu bagera kuri bane mu mpera z’indwi iheze mu ma zone ya Bwiza na Buterere.

Bamaze kwivugira, umwe muribo ntiyahuje n’umuvugizi w’igipolisi. Yemeza ko ari inzirakarengane kandi nabo bafatnywe muri zone nyakabiga ariko kuko.

Ariko rero haruwundi yemanga icaha akavuga ko yacitse umugwanyi kuva inyuma yaho imyiyerekano y’ukwiyamiriza ikiringo ca gatatu ca Perezida Nkuruniza iburijwemwo mu kwezi kwa gatanu.

Uwo mugabo w’imyaka 30 asanzwe ari n’umwubatsi mu kazi kiwe ka misi yose yemeza ko abo bafunganywe bagirizwa ivyaha bimwe bamwe yabakubise ijisho ku musi wa kabiri. Mbere nabafatiwe mu rupangu yari yatsemwo indaro muri rohero hagati mu gisagara ca Bujumbura asigura ko ata na kimwe bazi ku ma gerenades yaranyegeje.

Tumubajije ko ata bwoba afise ko abamutumye bashobora kugirira nabi abiwe kuko yabahemukiye n’uko atoba yahawe amafaranga ngo yibeshere nk’uko abatavuga rumwe na leta bakunze kuvyagiriza iperereza ko rihamahera abantu bakiyita abagwanyi, yatwishuye ibi bikurikira.

Kuva mu mpera z’umwaka uheze, igipolisi kiramaze kwerekana abantu batari bake biyemangira ko bari mu bagwanyi bahungabanya umutekano. Mbere hari n’uwuva mu gihugu c’Urwanda mubamaze gufatwa. Uwo naho yiyemereye ko yari umusirikare, igisiriakre c’u Rwanda co carabibeshuje.

Bamwe mubafashwe n’ubu baracakingiwe n’inzego z’umutekano bakaba bamaze n’ukwerekana ahantu hahambwe abantu bishwe mu ma karitiye y’uburaruko bwa Bujumbura nka Cibitoke na Mutakura. Abari bamaze gufatwa bose bagirije Alexis Sinduhije atwara umugambwe MSD uri muyitavuga rumwe na leta ko ariwe yabatumye guhungabanya umutekano.

Iyi ni inkuru yakurikiranwe n'umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika Eloge Willy Kaneza, uri i Bujumbura.

XS
SM
MD
LG