Uko wahagera

Brezil: Gushira Imbere y'Intahe Perezida Rousseff Ubu n'Ibishoboka


Perezida wa Brezil, Dilma Rousseff

Perezida wa Brezil, Dilma Rousseff

Sentare kizigenza yo mu gihugu ca Brezil yiyamirije, ku munuta wa nyuma, akamo katewe na perezida ,Dilma Rousseff, k’uguhagarika umugambi w’inama nkenguzamateka w’ukumukura ku butegetsi. Ivyo bizotuma impari n’amatora biba, mu gitondo c’ejo ku musi wa kane.

Abacuditse na perezida, Rousseff, bari batangaje ejo ku musi wa gatatu, mu nama nkenguzamateka kw’urwo rwego rwokwigizayo impazi n’amatora, vy’ejo ku musi wa gatatu, gushika sentare ifate ingingo.

Muri iki gihe sentare kizigenza y’igihugu yashitse ku ngingo, Rousseff, asa n’uwatsinzwe, mu kigoro kiwe ka nyuma, k’ukudakurwa ku butegetsi.

Inama nkenguzamateka, muri niki gihe ,iriko yihweza nimba yomushira imbere y’intahe ku vyaha vya ruswa. Ivyo inyuma yuko ahiduye ibiharuro vy’amafranga Reta ikoresha, kugira bihishe uko ivyerekeye ayo mafranga vyifashe, igihe yariko yiyamamariza gusubira gutorwa kuyobora Brezil mu mwaka w’i 2014.

Niyo Inama nkenguzamateka yahitamwo kumushira imbere y’intahe, Rousseff, azoca ahagarikwa mu mabanga y’ukuboyora igihugu.

XS
SM
MD
LG