Uko wahagera

Burundi: Abarenga 100 Bahagaritswe n'Igipolisi


Igipolisi kigenzura karitiye ya Musaga I Bujumbura
Igipolisi kigenzura karitiye ya Musaga I Bujumbura

Abantu barenga ijana nibo bazindutse bahagarikwa n'igipolisi muri zone musaga mu bumanuko bwa Bujumbura. Igipolisi kiri kumwe n'abajejwe intwaro casuzumye abafise ivyangombwa maze bararekurwa.

Bane nibo basigaranywe n'igipolisi. Umuvugizi w'igipolisi yemeza ko abo bane ari inkozi z'ikibi zahora zironderwa n'inzego z,umutekano.

Umumenyesha mukuru w'Iradiyo Ijwi ry'Amerika avuga ko ushitse ku Musaga wamengo n’ahariko hakorerwa ibikorwa vya rusansuma. Abantu bari bafise amakaye mu minwe abandi amakarata ndangamuntu abapolisi nabo banyagara bongera basuzuma ivyangombwa vy’abahari.

Ubwo bwinshi bwari bwatewe n’uko i ruhande y’abafashwe baba abo mu miryango y’abahagaritswe canke bene impangu bari baje nabonyene kuraba n’ukwemeza ko abari mu minwe y’igipolisi ata kibagira.

Bakizinduka gufata abantu, abapolisi ntibabimenyeshe abajejwe intwaro hasi nk’uko vyemezwa n’abanyagihugu.

Naho harimwo abapfasoni, abigeme n’abagabo bakuze mubafashwe, abakiri bato bagizwe n’imisore nibo bari benshi kurusha.

Abafashwe cane cane nabo mu ma karitiye abiri. Ayo nayo ni gasekebuye na gitaramuka nk’uko vyemezwa n’umukuru wa zone musaga Antoine Rumenyetso. Asigura ko abazobandanya bafata minenerwe igikorwa c’ukwandika abantu baba mu mpangu n’ingezi bashobora kuzofatirwa ibihano.

Igipolisi cemeza ko abantu bane aribo casigaranye kubarenga ijana bari bahagaritswe.

Umugizi w’igipolisi Pierre Nkurikiye amenyesha ko abo bane bose ari inkozi z’ikibi zari zisanzwe zizwi kandi zironderwa n’inzego z’umutekano.

Mu kiringo c’indwi zibiri abantu barenga 10 nibo bamaze kwicwa n’abantu bitwaje ibigwanisho muri zone musaga. Indwi muribo biciwe mu kirabo mw’ijoro ry’itariki ya 28 ukwezi kwa kane twaraye turangije.

please wait
Embed

No media source currently available

0:00 0:03:42 0:00

XS
SM
MD
LG