Uko wahagera

Uganda: Museveni na Besigye Biteguye Kurahira


Perezida wa Uganda, Yoweri Museveni, hagati, kw'ifoto
Perezida wa Uganda, Yoweri Museveni, hagati, kw'ifoto

Amatora yo mu gihugu ca Uganda yabayemwo amatati kw’igenekerezo rya 18 ry’ukwezi kwa kabiri yatumye umugambwe utavuga rumwe n’ubugetsi, Forum for Democratic Change, utangaza kw’ugiye gukoresha nawo nyene ibirori vyo kurahiza mu mabanga ya Perezida umukuru wayo Kizza Besigye, ku musi wa kane. Uyu musi kandi, bitegekanijwe ko Perezida Yoweri Museveni ari ku butegesi kuva mu mwaka w’1986, arahira mu mabanga yo kurongora igihugu mu kindi kiringo.

Umurwi watunganije amatora muri Uganda uvuga ko Perezida Yoweri Museveni, yatsinze amatora afise amajwi 61%, mu gihe Besigye yahiganywe ku giti c’umugambwe FDC, wewe abandanya gutangaza kw’ariwe yatsinze ayo matora, afise amajwi 52%.

Besigye amaze igihe kitari gito ari mw’isekeza ryo guhakana no kwumvisha amakungu ko President Museveni ari ku butegetsi mu buryo buteye kubiri n’amategeko.

Reta ya Uganda yabujije ibinyamakuru vyo mu gihugu, gukwirikirana hamwe no gutangaza amakuru yerekeye ibikorwa vy’umugambwe FDC.

Umutambukanyi wa Besigye, Winnie Byanyima, yarahamagaye iradyo Ijwi rya Amerika ari I Kigali mu Rwanda, aho ariko arakwirikirina inama mpuzamakungu yerekeye ubutunzi, araheza avuga kw’umurwa mukuru wa Uganda, Kampala, wagizwe igisagara gikikujwe n’abasirikare.

Yavuze kw’abasirikare barungitswe ku nyubakwa z’abategetsi batavuga rumwe n’ubutegetsi barimwo Besigye.

XS
SM
MD
LG