Uko wahagera

Turukiya: ONU Isaba Amatohozwa ku Bwicanyi


Komiseri mukuru wa ONU ajejwe agateka ka muntu, Zeid Ra'ad Al Hussein
Komiseri mukuru wa ONU ajejwe agateka ka muntu, Zeid Ra'ad Al Hussein

Komiseri mukuru wa ONU ajejwe agateka ka muntu, Zeid Ra'ad Al Hussein ahamagarira Turukiya kureka abagenduzi bigenga bakaja gutohoza ku ma raporo y’ubwicanyi buvugwa ko bukorwa mu bumanuko bw’ico gihugu.

Ako kamo ka Zeid Ra'ad agateye mugihe abategetsi b’ibihugu vya Bulayi bariko basaba reta ya Turukiya guhagarika impunzi zinjira ku mugabane wa Bulayi.

Abategesti ba Bulayi basaba kandi Turukiya guhindura amategeko yo kurwanya iterabwoba yabaye ayatumbera abo bose bavuga ibitagenda neza muri reta.

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU rimenyesha ko ryaronse ama raporo y’abasivile barimwo abagore n’abana baraswa n’abantu batamenyekana, abandi bakaraswa n’ibiduga vy’intambara vya gisirikare.

ONU imenyesha kandi ko abantu bahagarikwa bakaborezwa igufa mu bumanuko bushira ubureruko ba Turukiya, kandi imodoka za rusehabaniha zirabuzwa kuja gutora abakomeretse kugira bavurwe.

Perezida wa Turukiya Recep Tayyip Erdogan, we avuga ko ariko akingira igihugu ciwe catewe n’abarwanyi b’aba Kurdes hamwe n’umugwi wa leta ya Kiyisilamu, ko aho kuyagabanya agiye gukomeza amategeko yo kubarwanya nyabuna.

XS
SM
MD
LG