Uko wahagera

Abategetsi ba Turukiya bamenyesha ko imodoka itezemwo ibombe yaturitse ihitana abantu batatu, abandi 45 barakomereka mu gisagara ca Diyarbakir ku musi wa kabiri.

Iyo modoka yarimwo bombe yasetse iyindi modoka y’igipolisi yari itwaye abarwanyi indwi bo mu mugambwe PKK kwa muganga, baherekejwe n’abapolisi icenda.

Buramatari w’iyo ntara yatangaje ko bitaramenyekana ko abapfuye boba bari abo bo mu mugambwe PKK.

Mur’abo 45 bakomeretse harimwo abapolisi 12 hamwe n’abasivile 33 barimwo abantu bariko barengana n’amaguru abandi bicaye haruhande y’aho iyo bombe yaturikiye.

XS
SM
MD
LG