Uko wahagera

US: Alaa Saadeh Yakatiwe Gufungwa Imyaka 15


Ingoro y'Ubutungane ya Amerika

Ingoro y'Ubutungane ya Amerika

Muri Leta zunze ubumwe za Amerika, umugabo yamuka muri reta ya New Jersey yakatiwe gufungwa imyaka 15, yagirizwa kugerageza kurondera kwiyunga n’umugwi wa Reta ya Kiyisilamu.

Uwo mugabo azwi kw’izina rya Alaa Saadeh, yagirizwa kandi no kuba yarafashije uwo bavukana kuja mu gihugu ca Siriya kurwana ku ruhande rw’abakora iterabwoba.

Alaa Saadeh yari yahagaritswe n’ibiro vya FBI mu kwezi kwa gatandatu k’umwaka uheze, mu nyuma ariyemerera ivyaha yagirizwa.

Umushikirizamanza mukuru wa Amerika, Paul Fishman yamenyesheje kuwa kabiri ko Alla Saadeh ahanwe ku ruhara yagize rwo kuronderera abanywanyi umugwi w’iterabwoba.

Yagirizwa guhungabanya umutekano w’abanyamerika bo mu gihugu hagati n’ababa mu mahanga.

XS
SM
MD
LG