Uko wahagera

Kim Jong Un Yashimangiye Ubutegetsi


Defile ikomeye y'Abanyaksoreya ya ruguru mu kibanza citiriwe, Kim Il Sung, ku murwa mukuru Pyongyang, ku musi wa kabiri, italiki 10 z'ukwezi kwa gatanu, umwaka w'i 2016
Defile ikomeye y'Abanyaksoreya ya ruguru mu kibanza citiriwe, Kim Il Sung, ku murwa mukuru Pyongyang, ku musi wa kabiri, italiki 10 z'ukwezi kwa gatanu, umwaka w'i 2016

Umutegetsi w’igihugu ca Koreya ya ruguru, Kim Jong Un, yarahagarikiye defile (urugendo) ikomeye yabereye hagati ku murwa mukuru, Pyongyang, ku musi wa kabiri. Urwo rugendo yarangije ikoraniro rikomeye ry’umugambwe uri ku butegetsi aho yakomeje kurushiriza ubutegetsi bwiwe.

Abanyakoreya ya ruguru ibihumbi amajana n’amajana baragize urugendo, mu kibanza citiriwe sekuru wa Kim Jong Un, Kim Il Sung, yashinze ico gihugu.

Kim Jong Un, yariko arorera iyo defile, yararamukije abariko bagira iyo defile ari mu kibanza kiri hejuru y’ahariko habera ivyo birori.

Ikoraniro rikuru ry’umugambwe uri ku butegetsi muri Koreya ya ruguru, rya mbere, ryabaye mu kiringo c’imyaka mirongo itatu n’itandatu, ryarangiye ku musi wa mbere.

Iryo koraniro ryarangiye inyuma yuko abaserukiye abandi bashigikiye imigambi ya Kim Jong Un, y’ukubandanya iterambere mu vy’ubutunzi, n’ukwongereza ibirwanosho ruhonyanganda mu gihugu.

XS
SM
MD
LG